Muri Kameruni Barasaba Gufuta Ivyavuye mu Matora

Umurwi ujejwe amatora muri Kameruni uvuga ko wakiriye inzandiko 25 zatanzwe n’abakandida hamwe n’abitavye ayo matora basaba ko amatora yo kw’igenekerezo ry’indwi ukwezi kw’icumi ahanagurwa.

Bavuga ko ayo matora yabayemwo ubusuma kandi ahengamiye kuri Perezida Paul Biya wo mu mugambwe People’s Democratic Movement uri ku butegetsi.

Umushikiranganji wa Kameruni ajejwe abakozi, Gregoire Owona, avuga ko uko ari ugusamaza abanyagihugu.

Umurwi ujejwe amatora muri Kameruni warahakanye ko ata busuma bwabaye mu matora.

Uwo murwi ufise gushika mu mpera z’iyi ndwi uzobe wishuye kuri ivyo birego. Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro isabwa gushikiriza ingingo yafashe kuri ivyo birego imbere yo gutangaza ibiharuro vya nyuma kw’igenekerezo rya 22 z’ukwezi kw’icumi.

2 thoughts on “Muri Kameruni Barasaba Gufuta Ivyavuye mu Matora

  • November 8, 2018 at 3:51 am
    Permalink

    Salut so je vyananiye uko numva amakuru via internet kuri radio Inzamba

    Reply
    • November 11, 2018 at 7:52 am
      Permalink

      ivyakunaniye nibihe turagufasha.

      Reply

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *